Bang Media

Reba Video

Shakisha

INGESO IRARABA NTIWERA

Habaye umugabo akitwa Bimari, akaba afise umugore nawe nyene yiyita Bimari. Baraheza bavyara umwigeme. Uno mwana amaze gukura asabwa n’umuganwa. Ntibitevye, Isato, Ingwe, Inkuba n’Inkoma, na vyo bizana inka kumusaba. Bimari arazakira, aca agenda gushengera ibwami, abisa umugore ngo arabe ingene amara vyose.

Haheze imisi, ba bakwe baza gusaba indagano. Wa mugore ati :

- Sindabishobora ko umugabo atariho ari.

Ya nkuba, ya sato, ya ngwe na ya nkoma vyanka kuva murugo, kimwe cose giti :

- Simva aha ntamujanye.

Bimari vy’umugore ati :

- Hinge ntumeko umugabo wanje muvyivuganire.

Babimukojeje, ati :

- Yankuye kw’izina ryanje none nabimare.

Wa mugore ngo abone umugabo ntaje, atuma kuri se na basazabe ngo baze kumutabara. Bazana ishashi n’impfizi, baha Bimari vy’umugabo, bamwinginga ngo aze avuge uwo baha umugeni. Abonye za nka, atumako umugore ngo ni yenge inzoga.

Bimari ashengurutse, asanga za nzoga zirahiye. Ashika atumako abakwe biwe baza bose. Abashikiriza za nzoga baranywa. Umuganwa n’Inkoma bagiye kw’irembo, Bimari ahamagara Inkuba ati :

- None ko nari kuguha umugeni, Isato n’Ingwe vyo ndabica he?

Ya nkuba iravyica. Bimari aca aja kw’irembo yongorera ya nkoma ati :

- Ni wice irya nkuba ndaguhe umugeni.

Ino nkoma ikomora inkuba irapfa. Nawe ati :

- None rero ko wishe Inkuba, ngira ndaguhe umugeni.

Azana umubindi w’ubuki aha ya nkoma iranywa, iraborerwa, yinjira muri wa mubindi, na we arapfundikira, aracanira, ya nkoma irapfa. Bimari vy’umugabo asubira kw’izina ryiwe, za nka zose akomorera mu rugo, umukobwa atahira Umuganwa.

Ntibitevye, inzara iratera mugihugu. Umusi umwe Bimari abwira umugore ati :

- Ndagiye gutembera, mugabo ni wacumba usigaze amarobe abiri; rimwe ry’Imana irindi ry’iwanje. Iry’Imana urishire mu muryango, ihite itora yigire.

Bimari aragiye, ahengereye mw’ijoro hatabona arinjiye munzu, ariye umutsima w’Imana, ahejeje aromboka asubira hanze.

Amaze umwanya asubira kw’injira, araramutsa ashika haruguru. Umukenyezi wiwe amugaburira umutsima wasigaye. Bimari amubaza ko yagaburiye Imana. Ati :

- Ego.

Bukeye agira kwa kundi.

Vyakabaye kera, umugore abona ko bimugoye, agenda kubaza umupfumu, ati :

- Jewe umugabo wanje yambwiye ngo nze ndacumba, mpakure amarobe abiri, rimwe ry’Imana, irindi ryiwe, none vyananiye. Wa mupfumu ati :

- Ewe yaraguhenze: Imana ntirya, ni we yama abwirira. Kugirango umuhane, urashusha ibuye urishire aho wahora ushira bwa butsima, ikinyoma kizoja ahabona.

Wa mugore arataha agira nk’uko umupfumu yamubwiye.

Umugabo aje, aterura rya buye agira ngo ni irobe, arasha, aca ata hasi aromboka arasohoka. Haheze umwanya Bimari arinjira, araramutsa nka kumwe atacigeze. Umugore amuha amazi yo gukaraba. Bimari ngo ayakozemwo intoke, arashinyiriza. Umugore aramubaza ati :

- Mbega ntuze aho wabaye iki?
Bimari ati:

- Mugitondo aho nariko ndashitura Maribori, nanyereye mu mase nkubita ibiganza mu gicaniro.

Amapfa yarinze ahera Bimari adasubiriye guhenda umugore.

Si je nohahera.

Shyiraho Igitekerezo!

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment

Urwego