Bang Media

Reba Video

Shakisha

Umugabo Yaguranye Inka Uwundi

Habaye umugabo akitwa Nzomararumwe, agurana inka mugenzi we Ntakobatagize. Haciye igihe Ntakobatagize aje kwishuza, Nzomararumwe arinyegeza, asiga abwiye umugorewiwe ati :

- Aho azira hose, umubwire ko nagiye kurondera ikinyamutitima c’umwami.

Aca yikevya mu muyigwe w’amasaka aricara.

Ntibitevye, Ntakobatagize arashika, araramutsa, ataranamubaza n’iyo Nzomararumwe yagiye, wa mugore aritanganiza ati :

- Emwe muranyuranywe, yagiye kurondera ikinyamutitima c’umwami, kandi si uwuza vuba kuko ntikiva hafi. Ntakobatagize ati:

- Nanje sinihuta nzomurindira, sinzogenda ntatahanye inka yanje.

Aricara arinumira.

Aha butanguye guhwibira, Nzomararumwe ataha ataco yinona, yibwira ati :

- Na we nu, n’aho wa mugabo yaje, ubu yampebuye arataha.

Agize ngo aratamaza mw’irembo, abona Ntakobatagize yicaye mu ntaba za ruguru, aca amutonganya ati :

- Aho niriwe nkurariye n’inzara n’akantu, ubu naho umpenda ibiki? Mpa ningoga inka yanje, utayimpaye ifuni ihamba ubumwe izoboneka.
Nzomararumwe abuze ico avuga arikurayo ati :

- Uraza utore inka yawe ku wa gatandatu uza.

Wa musi bavugana ushitse, Nzomararumwe abwira umugore ati :

- Ntekera mukirago, uheze unyegeke ku gishimaryango. Ntakobatagize niyaza kunyishuza umubwire ko ico gitekeye ari ikinyamutitima c’umwami.

Ntakobatagize araza, wa mugore amubwira uko yabariwe. Nawe ati :

- Ukunda uvuga, ico kinyamutitima nkagisiga ndagacibwa ibikonjo. Aca akirema umutwe ngo ibisigaye muribaza!

Wa mugore amuja munyuma yiyambagura ati :

- N’aho ugitwaye, umwami ntamusiga aramwica.

Ntakobatagize yica amatwi aribandaniriza, ngo ishike iwe, agitura mukigo arinumira.

Wa mugabo nawe ari mu ruboho, ahengereye bugorovye ahindukiza akabugita yarafise mu minwe, acagagura imigozi, aritumukira n’imuhira ngo nwe. Ngo buce azindukanira ya nka Ntakobatagize, amubwira ati :

- Ngiyo inka yawe, ntabara umpe ikinyamutitima c’abandi nigire.

Ntakobatagize yihindira mukigo, asanga aho yagisize akanyoni kararuye. Agaruka arimarima, aganya ati :

- Nsanze ca kinyamutitima baracivye, aho nari nagisize ntihagira namba.

Uwundi nawe ngo avyumve, ati :

- Reka kundendekeranyako mpereza ikinyamutitima c’abandi nshengere. Naho niwaba ugomba kuncisha umutwe na we ntusigara.

Ntakobatagize ahinda umushitsi, arembemba akoma amashi ati :

- Ntabara se mugenzi umpishire, mpfuma ndaguha inka zine, n’iyo ufise iyigumye, uheze ugende kurondera ikindi. Nzomararumwe arata agati :

- Ubwo ga sha nta soni ufise? Izo nka zingana n’umutwe wanje? Canke ikindi nzokironka ryari?

- Nkundira ndaguhe n’izindi cumi umpishire.

Nzomararumwe yumvise zishitse icumi na zitanu yirya akara ati :

- Ndaguhaye!

Icinyo arabarika, ashinyurira mw’ijigo ati :

- Ego pfa kuzana, mugabo ukabona bamboshe, izi nka sindazigura agahanga kanje.

Ntakobatagize aramukomera amashi ati :

- Tabaranya ariko uzishime ndaguha n’abazishorera. Ni wumva rukamvye nzokwongera n’izindi.

Aca mbere amuterurira n’intango y’inzoga yo kumushimira, amuha abashorera inka, amwisaba ngo amugumirize akabanga.

Nzomararumwe ahimvye rwa rukanywa, ava hasi ashorera za nka. Inzira yose agenda aramwivuga ngo :

- Ndaguhaye Bihayi vy’umuhungu atari igihumbu nk’uwikoreye uruboho atatekeye! Je Nzomararumwe ngabana ntashikanye ni ho bankubita zitanu nkazitambuka bakanyingingira cumi n’imisago.

Iyo nka ibera rutarara Ntakobatagize, imunyagisha n’izo yari asigaranye.


Umugizi siwe mugirirwa.

Shyiraho Igitekerezo!

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment

Urwego