Bang Media

Reba Video

Shakisha

URABA WUMVA MUTIMA WAYAZE

Habaye Imbwa ija gushumbira Ingwe, na yo iyishinga ibibuguru vyayo bitanu. Irayihaniza iti :

- Ndazi ko abo kwa Inarubwana mutagira umutima, ntuze uhirahire ngo uhekenye amagufa.

Imbwa iti :

- Eyego.

Ingwe iragenda guhiga, ya mbwa nayo iti :

- Hinge mbe ndatembera, mabuja abe araza.

Yigiye imbere itora igufa, iti :

- Ndahiriwe, mbe ndagarura amate. Itaye mukanwa rya gufa, ngo koco! Ngo pwa! Akamanyu karyo kirasa mu jisho ry’ikibuguru c’ingwe karanega. Imbwa ibibonye iti :

- Ndagowe, yamara ndazi uko ndabigira.

Ifashe ca kibuguru camenetse ijisho, irakiriye, hasigara bine.

Ingwe ije iti :

- Mpa abana nonse.

Ya mbwa iragiye izanye ikibuguru ca mbere, izanye ica kabiri, ishitse ku ca kane, isubizayo ica mbere. Ibonye ya ngwe ishimye, iranezerwa ko iyivuye mu menyo.

Bukeye ingwe isubiye guhiga, ya mbwa iti :

- Hinge ngumye umutima. Imaze akanya biyanka mu nda, isubira gutora igufa irijana ku wundi musozi. Ishitse ita mu ryinyo, riti :“Pwa!” Akamanyu karyo kagenda karavuza umuduri. Ya mbwa iti :

- Ndagowe.

Igenda iriruka, isanga ikindi camenetse ijisho iragitwara, irakirya. Ingwe igarutse, ya mbwa izana kimwe kimwe uko ari bitatu. Ku kigira kane n’ica gatanu, isubizayo icambere n’icakabiri.

Nti yahaha, gushika hasigaye kimwe gusa. Ibonye igiye guhinyuka, iti :
- Ko nananiwe kwihana, ninaronka irindi gufa, nzorenga imisozi cumi mbone kurikeca.

Ubwo nyene ya mbwa igiye, itora igufa, irirutse, irenze imirambi cumi, irarikenjaguye. Yumvise akagufa kabarutse, kagize ngo duuuuuuuuu! Iti :

- Urwanje ruraheze.

Iragenda isanga ryakimenye ijisho, iracihembuza, ica iromoka, igenda ku mupfumu, imwiganira ingene vyagenze. Na we arayiragurira.

Murako kanya nyene ingwe ishika kwa wa mupfumu, iti :

- Ndagurira.

Na we aba yabibonye nk’ejo, ahisha ya mbwa kurusenge ati :

- Maze rero uze ugende kw’iriba, bazohabagira inka. Akongera ati :

- Uraba wumva mutima muke uri k’urusenge.

Aho rero yabwira ya mbwa iri k’urusenge, ngo ntizogende kurya amayezi umusi bazobaga.

- Ndagurira abo hasi nabo hejuru bumvireho.

Ya ngwe iti:

- Mbega mutima muke ni nde? Canke abo uragurira bo bari hejuru ni bande?

Wa mupfumu ati :

- Jewe niko nama ndagura, ni wabona atari aho uyitsinze sinzoba nkiragura.

Ingwe iti :

- Eyego.

Irataha. Ya mbwa ibonye ya ngwe igiye, isimbira hasi, nyene kuragura arayihanikiriza ngo ntize ijeyo. Imbwa iti :

- Ni ko.

Bukeye inka igwa kw’iriba, barayibaga. Ya mbwa imitewe iramandagara ku mwonga. Ishika iyoragura amayezi, iriruka. Ingwe iyibonye irayireka, imbwa iragaruka iramiragura, iriruka, ibona nta co ibaye. Iguma igaruka gushika aho ubwoba bushira. Yizeye ko ingwe itakije, irahunahuna ishaka utunyama yotora. Ija yumva ngo caki! Ya ngwe irihembura, ihora abana bayo.

Inankunda kurya yariye ubuki bw’ifunderi.

Shyiraho Igitekerezo!

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment

Urwego